Aung San Suu Kyi yahoze ayoboye igihugu ca Myanmar yagiwe n'ivyaha vya ruswa, akaba yaciriwe gupfungwa imyaka 7. Aung San Suu Kyi yagiwe n’ubwoko bw’ivyaha 5 vya ruswa uno musi ku wa gatanu. Birangije urubanza rwiwe rwari rumaze amezi 18.
Ubwo bwoko 5 vy’ivyaha vya ruswa yagirijwe bijanye n’ukuba yaguze indege ya kajugujugu yahombesheje reta. San Suu Kyi, afise imyaka 77 muri iki gihe, yapfunzwe n’igisirikare muri Myanmar kuva habaye kudeta mu mwaka w’i 2021.
Yagiwe n’ivyaha vyose yagirijwe, birimwo ivya ruswa n’ukuba yihojeje ingingo zerekeye kurwanya ikiza ca Covid-19. Abamenyeshamakuru barazirijwe gukwirikirana urubanza rwiwe muri sentare, abamwunganira bakaba baraziririjwe kuvugisha itangazamakuru.
Kuva urubanza rwiwe rutanguye, yabonetse ku mugaragaro rimwe gusa, ari muri sentare. Yakoresheje abamwunganira kugira ashikirize ubutumwa amakungu.
Mu ndwi iheze, urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rwasavye abategetsi b’abasirikare ba Myanmar kurekura Aung San Suu Kyi mu ngiro yarwo ya mbere ku kugene ibintu vyifashe muri Myanmar kuva habaye kudeta muri ico gihugu.
Myanmar yaranzwe n’uruhagarara kuva igisirikare gifashe ubutegetsi, kigakuraho demokorasi yari imaze igihe gitoyi muri ico gihugu. Vyatumye haba imyiyerekano ikomeye mu gihugu. (AFP)