Kenya: Igitero ca al-Shabab Cahitanye Babiri

Hamwe mu higeze kugabwa igitero muri Kenya

Muri Kenya abantu babiri baraye bishwe n’abagwanyi ba al-Shabab mu gitero cabaye mw’ijoro rya Noweri. Abo bagwanyi bishe abo bantu bongera baturira amazu atari make muri ico kigwati kiri ku nkombe y’ikiyaga hafi y’ishamba rya Boni, nk’uko bitangzwa n’igipolosi kuri uno musi wa mbere,

Ishamba rya Boni riri hagati ya Kenya na Somaliya riramaze kukorerwamwo ibitero n’abarwanyi ba al-Shabab. Igipolisi kivuga ko abo bagwanyi babanje gufata ikigwati ca Taa kiri ku birometero bike uvuye mu kigwati ca Lamu kigenderamwo ingenzi cane aho batera amazu mu buryo bukomeye.

Ababibonye bavuga ko abanyagihugu bahungiye mu mashamba aho abo bagwanyi baciye babashwariyemwo. Komiseri w’igipolisi muri ako karere John Alungata avuga ko abo bagwanyi bakoze ico gitero mw’ijoro, yamara ko baciye bomorwa n’abajejwe umutekano.

Alungata asaba ashitse ko abanyagihugu gukorana n’inzego z’umutekano. Kuva mu mwaka wa 2015 abajejwe umutekano bamaze igihe bari mu bikorwa vyo kwomora abagwanyi binyegeje muri ako gace.