Burkina Faso Yirukanye Abafaransa Babiri

Ikarata ya Burkina Faso

Reta ya Burkina Faso yarirukanye Abafarnsa babiri bagirizwa ko bari mu bikorwa vyo gusuma urusaku. Abo bafaransa bari bahagaritswe mu ndwi iheze, baca bategekwa kuva mu gihugu nk’uko vyatangajwe n’ibinyamakuru vyo muri Burkina Faso.

Amakuru yatangajwe ku musi wa gatatu yavuga ko abo banyamahanga bari berekanye ko bariko bararondera amakuru yerekeye ingabo z’igihugu ca Burkina Faso, zijejwe umutekano.

Abo bafaransa babiri babanje gusambishwa n’igisirikare mu ndwi iheze ku bijanye n’uruhara baregwa ko bagize hamwe no mu bikorwa bakorera hamwe n’isosiyete ikorera muri ico gihugu.

Umutegetsi akora muri Ambassade y’Ubufransa muri Burkina Faso, yavuze ko igihe abo bafaransa bariko barasambishwa, ibirego vyo gusuma urusaku bitigeze bivugwa kandi ko batirukanywe. Yasiguye ko ahubwo basabwe gusubira mu gihugu cabo. (AP)