Burkina Faso Yasavye Ambasaderi wa Ghana Kwisigura

Prezida wa Ghana, Nana Addo Dankwa Akufo-Addo

Burkina Faso yatumyeko ambasaderi wa Ghana muri ico gihugu uno musi ku wa gatanu mu gitondo kugira yisigure inyuma y'uko prezida wa Ghana, Nana Akufo Addo, avuze ko Burkina Faso yazanye mu gihugu abacangero b'umurwi, Wagner.

Inyuma y’uko babonanye na ambasaderi wa Ghana, abategetsi bo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Burkina Faso basohoye itangazo rivuga ko badashimishijwe na gato n’ivyatangajwe na Prezida Nana Akufo-Addo. Bamenyesha ko Ghana yari kuba yavuganye na Burkina Faso ku bibazo bijanye n’umutekano kugira ironke inkuru y’ukuri. Yamara ntibemeje canke ngo bahakane ivyatangajwe na Prezida Nana Akufo Addo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu ari kumwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Antony Blinken, Prezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo yavuze ko Burkino Faso yahaye akazi abacangero b’abarusiya bo mu murwi Wagner.

Addo yatangaje ko muri iki gihe abacangero bw’umurwi Wagner bari ku rubibe rwo mu buraruko bw’igihugu ciwe. Yamenyesheje ko Burkina Faso yagiranye

amasezerano n’uwo murwi nk’uko igihugu ca Mali cabigenjeje mu gukoresha inteko z’uwo mu murwi ku butaka bwaco. Prezida Addo yatangaje ko ari ibintu biteye impungene igihugu ciwe. Yongeye amenyesha ko Burkina Faso yabahaye ikibanza gicukurirwamwo ubutare nk’uburyo bw’ukubahemba. (Reuters)