Somaliya Yagiriza Al Shabab Kwimukana n'Abanyagihugu mu Guhunga

Igisirikare ca Somaliya cagiriza abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab kuba bariko barimura abasivile babakura mu bigwati n’ibisagara kimaze kwigarurira. Abategetsi mu gisirikare bavuze ko ibi Al shabab ibikora kugira abo basivile ntibashobora gukorana n’igisirikare.

Al-Shabab iriko kandi iranyuruza imiryango y’abasivile biyemeje gufashanya na reta mu kubarwanya nko kubahana. Reta ya Somaliya ivuga ko yigaruruye hafi ibigwati n’ibisagara hafi 70 vyahora bigenzurwa na al-Shabab.

Igisagara giherutse gufatwa vuba ni Adan Yabaal mu ntara ya Middle Shabelle. Igihe igisirikare ca reta kihashika kw’itariki ya 5 y’ukwa cumi na kabiri casanze ata musivile n’umwe aharangwa.

Abategetsi ba gisirikare bavuga ko bamwe mu banyagihugu bahunze igihe imirwano yari icegereye, ariko abandi bategetswe na al shabab kuhava imbere y’aho.