Ibihugu bishika kuri 70 hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu, kuri uyu wa kabiri bemeye intererano yo gusanura ivyasambuwe n’intambara muri Ukraine irenga umuriyaridi w’amadolari.
Uburusiya bumaze indwi bugaba ibitero vy’indege, buca umuyagankuba n’amazi ku mamiliyoni y’abanyaukraine muri aya mezi y’ubukanye burenze urugero.
Inyuma y’iyo nama mpuzamakungu yabereye i Paris, umushikiranganji w’Ubufaransa w’imigenderanire, Catherine Colonna, yavuze ko ayo mafaranga ari imfashanyo canke impano, atari ideni. Yavuze ko mu misi ikurikira, ayo mafaranga agiye gusohorwa vuba kugira aje gufasha gusanura inyubako zasambuwe.
Ayashika imiriyoni 400 z’amadolari azofasha mu gisata c’amasoko ntanganguvu, Uburusiya bwasinzikaje n’ibitero vy’indege.
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy yabwiye abitabiriye iyo nama ko igihugu ciwe gikeneye imiriyoni 840 z’amadolari kugira igihugu kive mu mwijima.
Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yavuze ko Uburusiya buriko bugerageza gushira abanyagihugu ba Ukraine mu maganya, kandi ko iyi nama yatunganijwe kugira ibafashe muri ibi bihe vy’imbeho.