Ikiziga c'Umunyezambiya Yapfuye Arwanira Uburusiya muri Ukraine Catahukanwe

Lemekani Nyirenda yapfiriye ku rugamba muri Ukraine ku ruhande rw'Uburusiya

Ikiziga c’umunyeshure yamuka muri Zambiya yapfiriye ku rugamba muri Ukraine ku ruhande rw’Uburusiya muri caratahukanywe mu gihugu c'amavukiro.

Lemekani Nyirenda, w’imyaka 23, yagiye mu Burusiya kwiga ubuhinga bwa nikereyeri, imbere yo kwinjira mu gisirikare mu Burusiya. Ikiziga ciwe cashikanywe ku kibuga c’indege mpuzamakungu Kenneth Kaunda, i Lusaka kuri uyu w’Imana.

Naho yagiye mu Burusiya kwiga, Lemekani yahavuye afatirwayo yagirizwa kudandaza ibiyayuramutwe mu kwezi kwa kane 2020, aca acirirwa gufungwa imyaka icenda. Mu nyuma yahavuye ababarirwa ariko aruko yemeye kuja mu ntambara, mu nyuma yicirwa ku rugamba muri Ukraine.

Umushikiranganji wa Zambiya w’imigenderanire n’ayandi makungu, Stanley Kakubo, yavuze ko reta yiwe yasavye ko abategetsi b’Uburusiya batanga insiguro ku rupfu rwa Lemekani Nyirenda.

@AP