Utudege tutagira umudereva tw’Uburusiya ejo ku wa gatandatu twiriwe turagaba ibitero mu kivuko c’igisagara ca Odesa kiri mu bumanuko bwa Ukraine.
Abategetsi ba Ukraine bavuze ko ivyo bitero vyatumye umuyagankuba ucika mu gisagara cose ca Odesa, no mu micungararo yaco.
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy, yemeje ko muri rusangi abanyagihugu bari mu kizime kubera ivyo bitero ari umuriyoni umwe n’ibihumbi 500.
Abategetsi bo mu karere kagabwemwo ivyo bitero basavye abanyagihugu bakenera umuyagankuba kugira babe mu mazu yabo kuyavamwo. Bumvikanishije ko kugira ivyononekaye bisanurwe, bizosaba amezi ari hagati y’abiri n’atatu.
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko cakoreye indege 10 muri 15 zakoze ivyo bitero. Ukraine ihagaze ku makuru y’uko izo ndege zose zakorewe muri Irani.
Umukuru w’intwazangabo muri Ukraine avuga ko kuva kuwa gatanu, Uburusiya bumaze kugaba ibitero vy’indege 20, bwongera butera roketi 60 ku butaka bwa Ukraine.