OMS Yemeza ko Abandura Covid muri Afrika Bagabanutse Cane

Dr. Matshidiso Moeti, umuyobozi wa OMS ku mugabane wa Afrika

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, rivuga ko abandura COVID-19 barushiriza kugabanuka ku mugabane wa Afrika. Ariko riragabisha ko ico kiza ataho kiraja kandi ko ibihugu bikwiye kuguma biri maso.

OMS ivuga ko mu ndwi zibiri ziheze Afrika yaronse abanduye barenga 12,300 hamwe na 50 bapfuye.

Umuyobozi wa OMS, ku mugabane wa Afrika, Matshidiso Moeti avuga ko ibi bitigiri arivyo bike kuva ico kiza gitangura mu 2020. Avuga ko Afrika yashize inguvu mu guteza imbere amaraboratware, ariko ko incanco zitaboneka ku rugero rwinshi kuri uyo mugabane.

OMS ishikiriza ko ibice 26 kw’ijana vy’abanyafrika aribo bicandagishije incanco zose zisabwa za COVID-19.

@VOA