Abarundi Bahungiye muri Tanzaniya Bemeza ko Ivyo Bahunze Bikiriho

Impunzi z'Abarundi

Impunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Nduta na Nyarugusu zisanga reta y’Uburundi ikwiye gukemura ibibazo vyatumye bahunga nyuma y’aho ibahamagarira gutaha mu gihugu cabibarutse.

Reta ya Tanzaniya n’Uburundi barahimiriza impunzi kugira zihunguke mu gihe ico zahunze ku bwazo zibona ko kitarakemuka.

Ivyo babivuze nyuma y’urugendo rwa bantu 10 bahoze ari mpunzi mu bihugu bitandukanye basuye inkambi za Nduta na Nyarugusu mu cumweru gishize. Reta y’Uburundi yarungitse izo ntumwa guhamagarira impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya gutaha mu gihugu ca bibarutse.

Bimwe mu vyo basaba reta y’Uburundi nyuma y’aho ibahamagarira gutaha ni gukemura ikibazo c’umutekano wa buri muntu, ivya poritike ari bimwe mu bibazo binini vyatumye bahunga, amatati y’amatongo, indyane z’imiryango, ubwicanyi buvana no kwihora abagirizwa amabi bakoze mu kahise no gukuraho Imbonerakure zagirizwa guhohotera abanyagihugu.

Zimwe mu mpunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Nyarugusu zivuga ko bamwe mu bahunguka ku bushake bamana intekera ku mutwe kubera guhunguka bagasanga ico bahunze kitarakemuka, bavuga ko hari abamaze guhunga incuro zirenga zitatu.

Reta y’igihugu ca Tanzaniya ifatanije na reta y’Uburundi zikeneye kubona ko impunzi zose zotaha mu gihugu cazo kubera umutekano wagarutse mu gihugu c’Uburundi nyuma y’amatora yabaye mu mwaka w’2020

Naho biri uko, impunzi ku bwazo zisanga hakwiye gukorwa amatohoza ku muntu umwumwe nyuma y’aho mu guhunga ata wahitanye uwundi kandi buri umwe wese afise ikibazo cyatumye ahunga kandi gitandukanye n’uwundi.

Your browser doesn’t support HTML5

Impunzi Muri Tanzaniya.mp3