Abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi muri Uganda hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, basaba irekurwa ry’umukuru w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, Joseph Kabuleta. Bavuga ko yafashwe ku musi wa mbere n’abajejwe umutekano.
Umugambwe wa Kabuleta usaba insiguro kw’ifatwa ryiwe, iryo bise ko ari ukunyuruza. Igiporisi ca Uganda kimwagiriza ko ata kindi akora atari ukwama anegura poritike za reta.
Amasanamu ya videwo yakwirakwijwe ku musi wa mbere, inyuma ya sasita yerekanye abagabo batandatu bariko barinjira mu biro vyiwe aho yariko akorera inama n’abandi bagabo babiri.
Kabuleta, ni umukuru w’umugambwe, Parti du Dialogue National sur l'Autonomisation Economique. Muvyo yagiriza reta harimwo gutanga serevisi mbi ku banyagihugu mu bice bitandukanye vy’igihugu.
Imbere yuko afatwa, yariko araha ikiganiro abamenyeshamakuru, asaba Prezida Yoweri Museveni kudafata minenerwe umutekano muke urangwa mu gihugu.
Joseph Kabuleta si we wenyene yaraye mw’ibohero ku musi wa mbere. Umukuru mw’idini ry’abayisilamu, Yahya Mwanje, nawe nyene yatwawe n’imodokari itagira iparati mu kibanza kitazwi. Igiporisi nticigeze kimenyesha icatumye afatwa.
@VOA