Malawi Igeramiwe n'ikiza ca Kolera

Umuganga ariko afasha umwe mu banduye Kolera

Malawi irageramiwe n'ikiza ca Kolera cakwiragiye mu gihugu cose. Abantu 292 baramaze guhitanwa n'ico kiza mu gihe 9447 bamaze kucandura kuva mu kwezi kwa gatatu kw'uyu mwaka igihe umuntu wa mbere yacanduye yemenyekana.

Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa kane n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Khumize Chiponda. Chiponda avuga ko benshi mu bahitanywe na Kolera ari abarwayi baje kwivuza batevye.

Urugero rw’abapfa muri iki gihe rwiyongeye gushika kuri 3.1 kw’ijana, ruvuye ku bice 2 kw’ijana mu kwezi kwa gatatu. Benshi mu bahitanywe n’ico kiza baba mu bice 4 biri ku nkengera z’ikiyaga Malawi no mu gisagara ca Blantyre, kigira kabiri mu bunini mu gihugu.

Ibibanza vyo kuvuriramwo abanduye Kolera vyarashizweho, abayanduye bakaba bariko bashika ku bwinshi mu biremera cane abajejwe igisata c’ubuvuzi basanzwe badafise imiti n’ibikoresho vya nkenerwa.

Eunice Mselemu, umuforoma akora mw’ivuriro ryitwa Ndirande mu gice kibamwo abantu benshi cane kurusha mu bindi bice vy’igisagara ca Blantyre amenyesha ko biteze ibindi bitigiri vy’abanduye kolera.

Avuga yamara ko gushika ubu batiteguye neza ku vyerekeye kubavura kubera badafise imiti n’ibikoresho bihagije.

Malawi ntiratanguza incuro ya kabiri yo gukingira abanyagihugu kolera inyuma y’uko ironse imiliyoni 2 n’ibihumbi amajana icenda biciye mw’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, mu ntango z’uku kwezi. (Reuters)