USA: Uwitwaje Inkoho Yishe 5 Akomeretsa 18 muri Colorado

Ahagabwe igitero

Abantu batanu baraye baguye mu gitero cagabwe mu nzu y’ubutambiro y’abakundana bahuje igitsina mu gisagara ca Colorado Springs, kiri muri reta ya Colorado iri mu burengero bwa Amerika.

18 ni bo bakomerekeye muri ico gitero c’inkoho. Igipolisi ca Colorado cavuze ko cataye muri yompi uwukekwa kuba yakigavye. Cemeje ko nawe yakomeretse kandi ariko aravugwa. Nticigeze kivuga yamara icamutumye kurasa.

Inzu y’ubunwero yatewe, iremanga ko ihuriramwo abakundana bahuje ibitsina. Mw’itangazo yasohoye yavuze ko ibabajwe n’abibasiye abo yise abantu bayo.