Kenya Airways Iragabisha Guhana Abapirote Bari mu Myiyerekano

Ingenzi ku kibuga c'indege inyuma y'aho urugendo rwabo na Kenya Airways ruhagarikiwe mu bihe vy'imyiyerekano y'abaporote, ku kibuga c'indege mpuzamakungu Jomo Kenyatta International Airport i Nairobi, kw'itariki ya 7/11/2022.

Ikompanyi y’indege yo muri Kenya, Kenya Airways, iragabisha gufatira ibihano vy’imyitwarire mibi ku bapirote bayo. Yagiriza bamwe ko babeshe bafata amakonje bavuga ko barwaye ariko bagiye kwifatanya n’ico iyo kompanyi yise imiyerekano itemewe n’amategeko.

Iyo myiyerekano yatumye indege z’iyo komanyi zimaze imisi itatu zitaguruka.

Umuyobozi mukuru nshingwabikorwa wa Kenya Airlines, Allan Kilavuka, yasohoye urwandiko kuri uyu wa mbere ruvuga ko iyo myiyerekano iciye kubiri n’amategeko. Gushika kuri uyu wa mbere, abapilote 132 kuri 400 iyo kompanyi ikoresha bavuze ko badashobora gutwara indege, basobanura ko barwaye.

Kilavuka yavuze ko amasezerano bumvikanye ababuza kuba inyuma y’akazi amasaha arenga 48 kandi ko bashobora kwirukanwa mu kazi.

Abapirote batanguye kugarariza gukora kuva ku musi wa gatandatu. Bavuga ko abarongozi babo banse gutorera inyishu ivyo basaba vyo baziganirizwa amafaranga yo muzabukuru no kwongerwa imishahara.

Kuri uyu wa mbere indege 47 za Kenya Airways ntizabashije kuguruka, bituma ingenzi 12.000 zizazanirwa ku bibuga vy’indege.

@VOA