Umukuru w’igisagara Kiev, umurwa mukuru wa Ukraine, aragabisha abakibamwo ko bakwiye kwitegurira ibihe vy’imbeho bigiye kutazoborohera. Ni mu gihe Uburusiya bubandanya ibitero ku nyubakwa n’ingomero z'umuyagankuba.
Vitali Klitschko yavuze ko ibi bisigura ko ababa ku murwa mukuru Kiev bagiye kuzobura amatara, amazi, no kutazobasha gushusha amazu yabo mu bihe vy’imbeho ikaze vyimirije. Yavuze ko abakozi bariko barakora ibishoboka vyose kugira bagarukane umuyagankuba n’amazi.
Ku murwa mukuru Kiev no mu zindi ntara, kuva kuri uyu w’Imana, umuyagankuba watanguye guhanwahanwa ku masaha. Mu bindi bice, abasirikare b’Uburusiya basubiye kugaba ibitero mu ntara ya Donetsk, mu buseruko bw’igihugu.
Buramatari w’iyo ntara, Pavlo Kyrylenko, avuga ko ingomero zaha umuyagankuba ibisagara vya Bakhmut na Soledar nka zose zasambuwe.
Ibiro vya prezida muri Ukraine vyavuze ko hagati y’umusi wa gatandatu n’uyu w’Imana, Uburusiya bwateye misile zine hamwe n’ibitero vy’indege 19. Ibi vyatewe mu bisagara bito bito 35 bibamwo abanyagihugu mu ntara icenda. Prezidanse ya Ukraine ivuga ko vyishe abantu babiri bikomeretsa abandi batandatu.
@AP