Abanyeshure 2 Barishwe n'Igisasu Catezwe mu Modokari i Mogadishu

Umusivile yakomeretse akuwe ahaturikiye igisasu i Mogadishu, muri Somaliya, kw'itariki ya 29/10/2022.

Igiporisi muri Somaliya cavuze ko abantu babiri bishwe abandi batanu barakomeretswa n’igisasu catezwe mw’ibarabara, gituritsa imodokari yarimwo abanyeshure i Mogadishu.

Umuvugizi w’igiporisi yavuze ko abo banyeshure bishwe batahutse mu mihana yabo, bavuye kw’ishure ku musi wa kane.

Nta muhari uremera ko ari wo wateze ico gisasu casambuye iyo modokari. Ariko umuhari Al Shabab niwo ukunze kugaba ibitero vy’iterabwoba muri Somaliya. Niwo wagirizwa ibisasu vyaturikiye mu modokari zibiri mu mpera z’indwi iheze, hapfa abantu barenga 100, mw’ihwaniro ry’amabarabara ricamwo imodokari nyinshi ku murwa mukuru.

Al-Shabab yavuze ko yarondera kwica umushikiranganji w’indero.

@AP