Prezida wa Kenya Asaba ko Ubwicanyi Bukorwa n'Abaporisi Buhagarara

Prezida wa Kenya, William Ruto mu kirimba c'umukuru w'igihugu i Nairobi, kw'itariki ya 27/10/2022

Prezida wa Kenya, William Ruto, yavuze kuri uyu wa mbere ko ubwicanyi ndengerabutungane bukorwa muri ico gihugu n’abaporisi butegerezwa kurangira.

Abaporisi batari bake bagiye kuburanishwa muri iyi ndwi. Bagirizwa kwica abahindi babiri bakoranye na William Ruto mu bihe vy’imyiyamamazo. Abasesenguzi bavuga ko kurengutsa mu butungane abo baporisi ari intambwe mu nzira yo kurangiza amabi akorwa n’abaporisi muri Kenya.

Abandi baporisi bane baraciriwe imanza mu ndwi iheze kuri ico caha nyene c’ubwicanyi.

Prezida wa Kenya, William Ruto asaba komisiyo y’igiporisi yigenga kwerekana ingene itegekanya kurangiza ubwicanyi ndengerabutungane bukorwa n’abaporisi muri Kenya.

Amashirahamwe aharanira ageteka ka muntu nka Amnesty International avuga ko amabi akorwa n’igiporisi ashobora guhera burundu mu gihe amatohozwa yokorwa ku nzego zose z’igiporisi muri Kenya.

@VOA