Atiku Abubakar, umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na reta ariko arondera kwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu muri Nijeriya yasavye reta gushiraho idatevye ikigega c'amafranga agenewe gufasha abasinzikajwe n'imyuzure.
Abubakar yatangaje inyuma y’uko agendeye reta yimbura ibitoro ya Bayelsa, iri mu zasinzikaye kurusha izindi ko imyuzure yahabereye yerekana ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe. Amenyesha ko ari ikigega coba kigenewe gufasha abanyagihugu mu buryo bwihutirwa gisa n’icari cashizweho mu gihe c’ikiza ca COVID-19. Yashatse kuvuga umuliyaridi n’imiliyoni amajana ane y’amadolari reta yari yategekanije mu mwaka w’i 2020 igihe ikiza ca Covid-19 catangura kwiyadukiza.
Nijeriya yatangaje ko imyuzure yatewe n’imvura y’isegenya n’amazi yarekuwe avuye mu rugomero ruri mu gihugu kibanyi ca Kameruni. Abantu nbarenga 600 barapfuye, abagera ku muliyoni n’ibihumbi amajana ane barava mu vyabo mu gihe amahegitari 570.000 y’ubutaka yononekaye. Abanebagura reta ya Nijeriya bavuga ko yikweze mu gufasha abasinzikajwe n’imyuzure. Prezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari, yahaye reta yiwe ikiringo c’imisi 90 kugira ishireho umugambi ujejwe kwirinda imyuzure muri kazoza.
Imyuzure iraba kenshi muri Nijeriya. Yamara abategetsi b’ico gihugu bavuga ko iyiherutse kuba yari ikomeye cane mu bitari bwaboneke kuva mu mwaka w’i 2012.(Reuters)