Uburusiya Bwagiriza Ukraine Umugambi wo Gutera Bombe Ruhonyanganda

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burusiya, Sergei Shoigu,

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burusiya, Sergei Shoigu, ejo ku wa Mungu yarakoranye ikiganiro co kuri terefone n’umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika, Lloyd Austin.

Abo bategetsi bakoranye ibiganiro vyo kuri terefone bibiri mu kiringo c’iminsi itatu. Yaba Amerika, yaba Uburusiya, nta ruhande na rumwe rwigeze rutomora ico abo bategetsi bavuganye.

Abasesanguzi basesanguriye ariko itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ko ata nkeka ibiyago vyabo vyari bishimikiye ku ntambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine. Ikiganiro cabo ca mbere cabaye ku wa gatanu w’indwi iheze. Bwari ubwa mbere bavuganye kuva mu kwezi kwa gatanu uwu mwaka.

Sergei Shoigu w’Uburusiya yavuganye kandi n’abandi bategetsi batatu bo mw’ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, NATO: Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi mu Bufaransa, Sebastien Lecornu, uwo mu Bwongereza, Ben Wallace, n’uwo muri Turukiya, Hulusi Akar.

Naho ivyo Sergei Shoigu yavuganye n’umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika vyagizwe ibanga, yatangaje ko mu vyo yabwiye uw’Ubwongereza, Ubufaransa na Turukiya birimwo ivyagiriji vy’uko Ukraine yoba iri mu gutera uru bombe ruhonyanganda mu Burusiya. Ntiyigeze atanga ibimenyesto bifatika vy’ivyo vyagiriji.

Hagati aho, ibiro vya prezida w’Amerika vyasohoye itangazo ryiyamiriza ivyo vyagiriji vy’Uburusiya, bivuga ko ari ivyagiriji ataho bifatiye. Na Ukraine yateye ivyatsi ivyo vyagiriji vy’Uburusiya: Prezida wa Ukrainwe, Volodymir Zelenskyy, yavuze ko “ata kindi gihugu cokubahuka gukoresha ibirwanisho ruhonyangand aatari Uburusiya. “