OMS Ivuga ko Isi Ikizingamistwe na Covid-19

Tedros Adhanom Ghebreyesus, Umunyamabanga mukuru wa OMS

Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ritangaza ko hataragera ko rivanaho ibihe bidasanzwe ryashizeho kubera ikiza ca virusi ya Corona.

OMS isigura ko naho hari intambwe yahabaye haba mu bitigiri vy’abandura uwo mugera canke abo uhitana, ico kiza kicatse indaro ahatandukanye.

Umurwi washizeho ibihe bidasanzwe kw’isi kubera Corona wabishinze mu kwa mbere ko mu 2020. Wahanuye amakungu kutadehukirwa no gupima, gutanga incanco no gufata izindi ngamba zo gutuza burundu Corona. OMS yavuze ko izo mpanuro izishigikiye.

Kuva Corona yaduka, kw’isi yose abamenyekanye ko bayanduye barenga imiriyoni 622, abo yahitanye ni imiriyoni zirenga 6 n’ibihumbi 500. OMS ariko isigura ko ibi biharuro bishobora kuba biri hasi y’ivya nyakuri.

Mu masaha 24 aheze, OMS bashasha yamenye banduye kw’isi yose. barenga ibihumbi 263, abo yahitanye nabo kuva mu ndwi iheze bakaba 856.

Umunyamabanga mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yagabishije avuga ko benshi badehukiwe, yibutsa ko Corona ibandanya kwihindura, gutyo isi yomera magabo.