Abitwaje Ibigwanisho Baranyuruje Abajejwe Amagara y'Abantu muri Nijeriya

Ikibazo c'umutekano kiraje ishinga amanyanijeriya benshi

Abantu bitwaje ibirwanisho baranyuruje abakozi bajejwe amagara y'abantu batari musi y'icumi bica igitigiri kitatangajwe c'abandi muri Reta ya Nijeri mu gihugu ca Nijeriya. Ni inyuma y'uko inkozi z'ikibi zikize igitero mu bitaro bikuru ku musi wa kabiri.

Inkozi z’ikibi zirondera amafranga zaranyuruje canke zirica abantu amajana n’amajana mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya. Abategetsi ba Reta ya Nijeri batangaje ko abarwanyi b’umurwi w’intagondwa z’abayislamu, Boko Haram, bigaruriye ibice bitari bike muri iyo reta. Baha amafranga abanyagihugu, bakabinjiza muri uwo murwi kugira barwanye reta.

Amakuru aturuka mu bitaro igitero co ku musi wa kabiri cabereyemwo yatangaje ko abakozi bavyo barenga 20 banyurujwe, harimwo incuti z’abarwaye. Amakuru atangwa n’abajejwe umutekano yatangaje ko abantu 2 bishwe inyuma y’uko abantu bitwaje ibirwanisho bateye ivyo bitaro bikuru ari benshi cane.

Bulamatari wa Reta ya Nijeri, Sani Bello, yatangaje ko igitigiri kitari gito c’abantu bishwe mu gitero co ku musi wa kabiri cakozwe ku bitaro bikuru, “Gulu General Hospital”, igitigiri kitatangajwe c’abandi baranyuruzwa harimwo n’abakozi bajejwe ubuvuzi. Yamara ntiyatangaje ku buryo butomoye igitigiri c’abantu bishwe.

Muganga Dare Godiya Ishaya, ayoboye ishirahamwe ry’abaganga muri Nijeriya, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu bwongereza, Reuters, ko abanywanyi b’iryo shirahamwe 20 banyurujwe muri uyu mwaka. Ivyo vyatumye bamwe muri bo bahunga igihugu kubera umutekano muke.