Abahitanywe n’insanganya y’indege y’intambara y’Uburusiya bageze kuri 14. Iyo ndege yatibukiye muri karitiye yitwa, Yeysk, gutyo imiriro yayo ikwiragira kw’imwe mw’igorofa y’amazu yo kubamwo ari muri iyo karitiye.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burusiya isanganya rikiba yavuze ko indege yari mu myimenyerezo. Abari bayirimwo bararokotse.
Abo bitavye Imana ni ababa mw’igorofa yatibukiyeko. Batatu muri bo basandavye inyuma yo gusimba baca kuri etaje yo hejuru.
Igisagara ca Yeysk iyo ndege yaguyemwo kigizwe n’abanyagihugu ibihumbi 90, bagwiriyemwo imiryango y’abasirikare bo mu ndege. Gihana urubibe na Ukraine.
Indege yahiye yari indege yo mu bwoko bwitwa, Su-34 bomber, itera ibisasu vy’amabombe ku muvuduko wihuta. Ni imwe mu ndege Uburusiya bwahora bukoresha mu ntambara burimwo na Ukraine nkuko umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burusiya yabitangaje.