Ijwi ry’Amerika mu rurimi rw’igipersani rukoreshwa muri Irani, ritangaza ko polisi y’ico gihugu yamijaguye amasasu mu banyororo bagerageza guhunga umucanwa mwinshi wadutse kuwa gatandatu w’indwi iheze mw’ibohero rinini riri muri karitiye yitwa Evin.
Ibohero ryahiye ni ryo rifungiwemwo abanyepolitike benshi batavuga rumwe n’ubutegesti bwa Irani, n’abaharanira agateka ka zina muntu bakomeye muri ico gihugu.
Ijwi ry’Amerika muri Irani rivuga ko amakuru y’ imfungwa zarashwe zigerageza guhunga umuriro riyakesha amasoko yaryo ryizeye. Ayo masoko abandanya asigura ko abahitanywe n’uwo muriro barenga ku munani batangazwa na Irani, kandi ko ibitaro vyuzuye indembe ariko bigoye kuhashika kuko polisi yazibiye amarembo, ibuza aboza gutohoza. Ubutegetsi bwa Irani bwanse kugira ico buvuga kuri aya makuru yose n’ivyagiriji.
Hagati aho, umuryango w’ubumwe bwa Buraya wafatiye ibihano abategetsi ba Irani 11 barimwo umukuru wa polisi ijejwe ivy’imico n’umushikiranganji ajejwe ivyo kumenyesha amakuru.
Abo, bagirizwa kuba baragize uruhara mu guhohotera abakoze imyiyerekano yiyamiriza urupfu rw’umuyabaga w’umwigeme, Mahsa Amini, w’imyaka 22. Abaharanira agateka ka zina muntu n’umuryango wa nyakwigendera bemeza ko yazize ihohoterwa polisi yamukoreye imuziza kutitwikira neza, polisi ikavyamirira kure mu gusigura ko ata n’urwara yigeze imurya.