Burundi: Reta Irimo Kwimura Imiryango 400 muri Komine Rugombo ya Cibitoke

Iguriro ryo mu. Cibitoke

Imiryango irenga 400 yo muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi ivuga ko iriko irimurwa na Reta ku nguvu.

Abagize iyo miryango baganiriye n'Ijwi ry'Amerika basaba abategetsi b'intara kubaronsa ayandi matongo bakemeza ko ayo matongo bariko bakurwamwo bayabayemwo kuva muri 1945. Iri mu bibanza bibiri ahitwa Ryabigabo na Mbaza-Miduha.

Bulamatari w'intara ya Cibitoke Careme Bizoza avuga ko atari ukwimurwa ku nguvu ahubwo Reta iriko yisubiza amatongo yayo. Amenyesha ko abo banyagihugu babwirizwa kuhava kugira hakorerwe ibikorwa vy'inyungu rusangi.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Eloge Willy, Kaneza yaduteguriye ino nkuru, umviriza.

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Abanyagihugu Bagiriza Reta Kwimura ku Nguvu Imiryango 400 mu Cibitoke