USA: Igihuhusi Ian Kimaze Guhitana Abashika 51

Isanamu yafashwe n'indege kw'itariki ya 1/10/2022, y'ivyasambuwe n'igihuhusi Ian i Matlacha, muri Florida.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, igitigiri c’abishwe n’imiyaga ivanze n’imvura nyinshi yataziriwe Ian kimaze gushika kuri 51 kuri uyu w’Imana. Abakozi bo mu gisata co gutabara barabandanya barondera ku nzu ku nzu abantu, mu bice vyabangamiwe cane muri reta ya Florida, iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Amerika.

Abantu barenga 800.000 nta muyagankuba bafise muri Florida. Iyo miyaga ivanze n’imvura yatanguye ku musi wa gatatu mu mareta ari ku nkengera z’ibahari, yo mu bumanuko bushira uburengero bwa Amerika.

Prezida Joe Biden ategekanya kugendera izinga rya Puerto Rico kuri uyu wa mbere, kwirabira ivyononyweyo n’ibihuhusi vyataziriwe Fiona vyahaciye mu kwezi guheze. Ku musi wa gatatu ategekanya kuzoca agendera Florida.

Abasirikare ba Amerika bakizura inkengera z’amazi bavuze ko abimukira 16 baburiwe irengero igihe ubwato barimwo bwibira mu mazi. Babiri batowe bapfuye abandi icenda baratabarwa muri Florida.

@AFP