Uburundi Bwuguruye Imipaka Buhana n'u Rwanda

Umupaka wa Kanyaru

Kuri uno wa gatanu, imipaka Uburundi buhana n’u Rwanda yari yuguruye. Abinjira mu Rwanda canke abasohoka bahora barinda gusaba uruhusha mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, urwo ruhusha ku mipaka y’Uburundi ntarwo babasaba. Kari akanyamuneza ku ngenzi no kubasanzwe bisumamwo aho ku mipaka.

Kari akamwemwe ntangere ku ngenzi zija mu Rwanda zivuye mu Burundi eka no kuzinjira mu Burundi biturutse ko uruhusha zahora zisabwa kuva uno musi rutari ngombwa. Umwe mu bari bavuye mu Burundi yamenyesheje ko kubona urwo ruhusha rufutwa ari ibintu vyiza cane kuko rwabagora kubona bigatuma bataja iyo bashaka igihe babishakiye.

Sibonshuti Eric akora akazi ko kwikorera imizigo abo bita abakarani. Yashitse i Burundi atwaje umuzigo uwariko aja i Burundi. Yamenyesheje Ijwi ry’Amerika ko yashimishijwe n’ingene yakiriwe.

Your browser doesn’t support HTML5

Abatari Bake Bishimiye Iyugurrurwa ry'Imipaka y'Uburundi n'u Rwanda

No ku mupaka wa Ruhwa mu ntara ya Cibitoke bari banezerewe kubona umupaka wugururwa. Kwizerimana Dieudonné yizera ko bagiye kwisununura mu buzima bwabo. N’abakora akazi ko kuvunja amafaranga bamenyesheje Ijwi ry’Amerika ko bizeye ko inzara batewe na Covid-19 hakiyongerako ifungwa ry’imipaka y’Uburundi igiye guhera. Nzabonimpa Jean yizera ko ingenzi bukebuke ziziyongera akazi kakaboneka.

Imipaka y’Uburundi yarigiye kumara imyaka itatu yugaye. Uburundi bwamenyesha ko budashobora kwugurura imipaka mugihe u Rwanda rutabahaye abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegezi bw’umuhisi Pierre Nkurunziza igenekerezo rya 13 ukwezi kwa gatanu umwaka 2015. Ariko abategetsi b’Uburundi guhera kuri perezida Ndayishimiye bama bamenyesheje abarundi n’amakungu ko ibiganiro hagati y’ivyo bihugu bibiri bigenda neza.

Naho imipaka y’Uburundi n’u Rwanda yari yugaye nticabujije ko u Rwanda rufungura imipaka yarwo n’Uburundi mu kwezi kwa gatatu uno mwaka.
Naho rero ingenzi zasanze imipaka ifunguye, abatari bake baratangazwa n’ivyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu mu kiganiro caremeshejwe n’abavugizi b’inzego za reta mu ntara ya Kayanza ku banyagihugu no ku bamenyeshamakuru. Alain Diomède Nzeyimana yamenyesheje ko imipaka y’Uburundi n’u Rwanda kugeza kuri uno wa gatanu yugaye.

Ivyo biri uko mugihe amakuru twahawe n’umwe mu bategetsi b’igipolisi kijejwe kugenzura imipaka PAFE be n’amakuru twakuye mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kuri uno wa kane kumugoroba yatumenyesheje ko imipaka yose Uburundi buhana n’u Rwanda izoba yuguruye guhera kuri uno wa gatanu

Igenekerezo rya 30 ukwezi kw’icenda kandi niko vyari biri. Uwo mutegetsi wo muri PAFE yatumenyesheje ko bahawe ubutumwa ku munwa note verbale n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu nabo bagasabwa kubushikiriza abo bajejwe kugira iyo ngingo yari ihejeje gufatwa ije mu ngiro.

Inkuru ya Desire Hatungimana akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda