Prezida wa Irani Agabisha Abiyerekana

Bamwe mu bakoze imyiyerekano

Prezida wa Irani, Ebrahim Raisi, yasavye ko haba ingingo ruhasha ku babandanya kwiyerekana inyuma y’urupfu rw’umukobwa akiri muto yitwa, Mahsa Amini, yapfiriye mu minwe ya polisi “yamuhohoteye imuziza kutambara neza umwitwikiro wa kisilamu.”

Abarenga 40 ni bo bamaze kumenyekana ko baguye muri iyo myiyerekano y’abashavujwe n’urupfu rw’uwo mukobwa. Iyo myiyerekano imaze indwi, imaze gukwiragira mu bisagara 133 vya Irani.

Imyiyerekano yo kuri ino ncuro muri Irani ni yo ya mbere ikaze ibaye kuva mu 2019, aho abanyagihugu bihaye amabarabara biyamiriza iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro. Ico gihe, n’imiburiburi 1500 mu biyerekanye bahasize ubuzima.

Umusesanguzi Ali Nourizadeh akomoka muri Irani, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abiyerekana ata kindi bariko barasaba atari ukwegura kwa Prezida Ebrahim Raisi na Reta yiwe. Yasiguye ko imyiyerekano igwiriyemwo abagore n’abakobwa, barimwo abanyeshure.