Abaprezida b’u Rwanda, Paul Kagame, uwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo Félix Tshisekedi n’uw’Ubufaransa, Emmanuel Macron ejo kuwa gatatu baremeranije gukorera hamwe kugira mu bihe vya vuba cane abasirikare ba M23 bazobe bavuye mu turere bafashe muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo.
Ibi bavyumvikaniye mw’itangazo ryasohowe inyuma y’umubonano wabahuje ejo kuwa gatatu aho bari i New York mu bikorwa vy’inama ya bose ya ONU igira 77.
Iri tangazo ryasangijwe na reta ya Kongo ibicishije ku rubuga rwayo rwa Twitter, rivuga ko uyo mubonano washobotse bifashijwemwo na prezida Macron, abo ba prezida batatu bavuze ko bahangayikishijwe n’umutekano muke, n’ubwicanyi birangwa mu buseruko bwa Kongo. Babonye ko inyishu kuri uyo mutekano muke uterwa n’imirwi yitwaje ibirwanisho ikwiye kuva mu karere.
Bumvikanye kandi ko hakwiye kuba itahuka ry’abakuwe mu vyabo n’intambara bagasubira mu mihana yabo, bifashijwemwo na ONU, ibihugu vyo mu bumwe bwa Afrika, umuryango wa Afrika y’ubuseruko, hamwe n’akanama gahurikiyemwo ibihugu vyo mu biyaga binini (CIRGL).
Bemeranije kandi ko ivyo bihugu birabana ribi bikwiye gukomeza imigenderanire mu kurwanya ukudahana no gusezerera ibikorwa vy’imihari yitwaje ibirwanisho igisibije mu karere k’ibiyaga binini. Muri iyo mirwi harimwo n’abanyarwanda bo mu muhari FDLR.