Ambasaderi wa Etiyopiya i Geneve, kuri uyu wa kabiri yiyamirije raporo y’abahinga ba ONU bagirije Etiyopiya kuba yoba yarakoze ivyaha ku kiremwa muntu muri Tigre. Ibi vyaha birimwo gukoresha inzara nk’ikirwanisho co mu ntambara.
Zenebe Kebede, ambasaderi ahoraho wa Etiyopiya muri ONU avuga ko ata cemezo na kimwe cerekana ko Etiyopiya yakoresheje imfashanyo nk’ikirwanisho co mu ntambara.
Abahinga ba komisiyo ya ONU ku gateka ka muntu kuri Etiyopiya bavuze ko baronse ivyemeza vy’ubwicanyi bwakozwe n’impande, zose kuva intambara yaduka mu ntara ya Tigre mu kwezi kwa cumi na kumwe mu 2020.
Iyo raporo yavuze ko habonetse ivyemeza ko reta ya Etiyopiya n’amareta bicuditse zakoze kandi zibandanya gukora ivyaha ku kiremwa muntu, ku vyaha vyakorewe amoko hamwe n’ayandi mabi.
Ambasaderi Zenebe yavuze ko iyo komisiyo yakoze yisunze imvo za poritike kandi ivyo yatoye kwabaye ukwivuguruza kandi bitagira ishingiro.