Ishirahamwe rya Buraya ryavuze kuri uyu wa kane ko ryiyemeje gufasha Mozambike kurwanya iterabwoba. Ryemeye kuzotanga imfashanyo nshasha ku gisirikare kuri ico gihugu, inyuma y’igitero c’iterabwoba cabaye muri iyi ndwi.
Josep Borrell ajejwe imigenderanire muri iryo shirahamwe yabonanye na prezida wa Mozambike Filipe Nyusi hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire, Veronica Macamo, ku murwa mukuru Maputo. Josep Borell ari mu rugendo rw’imisi ibiri muri ico gihugu co mu bumanuko bwa Afrika.
Uyo mudiplomate mukuru wa Buraya yemeye ko uwo muryango ugiye kuzotanga izindi mfashanyo za gisirikare zifise agaciro k’imiriyoni 15 z’amadolari. Zitumbereye gufasha inteko zo muri ako karere ka Afrika, ziriko zirwanya iterabwoba mu ntara ya Cabo Delgado.
Urwo rugendo rwa Borrell rubaye inyuma y’iyicwa ry’umubikira w’umutaliyano muri Mozambike, mu gitero cabereye mu ntara ya Nampula.
Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu waremanze ko ari wo ubazwa ico gitero.
Ku musi wa gatatu, Prezida Nyusi yavuze ko abantu batandatu bishwe bunyamaswa baciwe imitwe mu bitero vy’abajihadiste muri iyo ntara.