Abantu babiri bapfuye abandi ibihumbi basabwa guhunga imiriro y’inkazi iriko iratongora muri reta ya Californiya, mu burengero bwa Reta zunze ubumwe za Amerika. Iyo miriro yatewe n’ubushuhe burenze urugero bwagaragaye kuri uyu wa kabiri.
Amazu atari make yasambuwe n’uwo muriro igihe waduka mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Los Angeles, utongora amahegitare hafi 1000 mu masaha ari munsi ya 24.
Abazimya imiriro bavuze ko abantu babiri babaze kumenyekana ko bishwe n’imbeya z’uwo muriro, uwundi umwe yatwawe mu bitaro kuvurwa ubushe. Imihana irenga 3.000 yategetswe guhunga, amashure yose arugarwa. Icatumye uwo muriro waduka kiracatohozwako.
Californiya iri mu bihe vy’ubushuhe burenze, aho ibipimo bishitse kuma degre Celsius 43 ku musi hafi mu bice vyinshi vy’iyo reta.