Sudani: Abahitanywe n'Imvura Bageze ku Ijana

Umwe mu mihana y'i Karthoum

Imvura y’isegenya imaze imisi igwa muri Sudani imaze guhitana abantu bashika ku ijana. Abategetsi muri ico gihugu bamenyesheje ko abo bantu bose bahitanywe n’imvura y’isegenya, yatanguye kugwa kuva mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka.

Brigadiye Jenerali Abdul-Jalil Abdul-Rahim, umuvugizi w’urwego rw’igisirikare kijejwe gukingira abasivile, amenyesha ko iyo mvura yatanguye kugwa kare ari nyishi uyu mwaka, ikaba kandi imaze kugeramira abantu 96.

ONU imenyesha ko abantu bashika ku bihumbi 258 bageramiwe n’iyo mvura y’isegenya igwa mu ntara 15 zigize 18 z’igihugu cose. Iyo mvura yagiye ironona ibigwati vyinshi, yongera isiga amatongo angana n’amahekitari ibihumbi n’ibihumbi mu myuzurire.

Abategetsi batangaje ko intara 6 zasinzikajwe cane muri ico gihugu zashizwe mu bihe bidasanzwe, bigoye igihugu. Ibiro vya ONU bijejwe gutunganya ibikorwa vyo gutabara imbabare bimenyesha ko akarere ko mu burengero bwa Darfur n’intara ziri ku ruzi Nile, no mu burengero bwa Kordofan no mu bumanuko bwaho, biri mu turere dusinzikaye cane. Brigadiye Jenerali Abdul-Rahim amenyesha kandi ko inzu zishika ku bihumbi 27,600 zose zasenyaguritse, izindi ibihumbi 42 nazo zirononekara.