Afuganistani yagirije itarya umunwa igihugu ca Pakistani ko gifasha reta zunze ubumwe z’Amerika, kugaba ibitero ku butaka bwayo. Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Afuganistani yavuze ko Pakistani yemerera Amerika gukoresha ibirere vyayo mu kugaba ibitero vy’indege zitagira umudereva muri Afuganistani.
Ivyagiriji vy’Umushikiranganji Mohammad Yaqoob, bije inyuma hafi y’ukwezi kumwe, Amerika yemeje ko yishe Ayman al-Zawahiri, umukuru w’umurwi w’intagondwa za Al-Qaida. Amerika yavuze ko yivuganye Zawahiri ikoresheje misile yamuteye ari iyo yari anyegeye i Kabul ku murwa mukuru wa Afuganistani. Misile yishe Zawahiri yatewe n’indege itagira umudereva, Drone.
Mu kiganiro umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Afuganistani yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko kuva ico gihe, indege zitagira umudereva z’Amerika zibandanya guca mu kirere ca Afuganistani. Uwo mutegetsi yumvikanishije ko ibi binyuranye n’amategeko y’ubwigenge bw’igihugu, gutyo yiyama Amerika na Pakistani abisaba guhagarika ico yise guhonyanga amategeko.
Abamenyeshamakuru babajije Zawahari igihugu indege zitagira umudereva za Amerika zicamwo mu gusohoka ziva muri Afuganistani, nawe yishura ko bataramenya neza aho zisohokana “Kuko Amerika yazimanganije uburyo bwo kumenya ayo makuru hifashishijwe za radari” agira ati: “ Amakuru dufise kandi duhagazeko, ni uko zikoresha ikirere ca Pakistani mu kwinjira, kandi dusavye Pakistani guhagarika ikoreshwa ry’ikirere cayo ku baturwanya.”
Pakistani ntaco iravuga ku vyagiriji vya Afuganistani. Gusa, mu misi yaheze Pakistani yamiriye kure ivyagiriji vya bimwe mu bimenyeshamakuru vyavuga ko yagize uruhara mu bitero vy’Amerika.