Libiya: 32 Baguye mu Gutana mu Mitwe kw'Abarwanira Ubutegetsi

Imwe mu modoka yaturiwe n'ibisigarira vy'ibisasu

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryasavye impande zishamiranye muri Libiya guhagarika intambara vyihuta, no kwicara ku meza y’ibiganiro zikavana mu nzira ibizitandukanya.

Akamo ka ONU kaje gakurikira ugutana mu mitwe kwabaye ejo ku wa gatandatu hagati y’ingabo za reta yemewe n’amakungu ikaba ikorera i Tripoli ku murwa mukuru wa Libiya, n’iza Fathi Bashagha, uwo inama nshingamateka ikorera mu buseruko bwa Libiya, ivuga ko ari we mushikiranganji wa mbere w’ico gihugu.

Abamaze kumenyekana ko baguye mu gutana mu mitwe kw’abarwanira ubutegetsi bwa Libiya ni abantu 32, abakomeretse nabo 159. Umushikiranganji w’amagara y’abantu yatanze ibi bitigiri avuga ko amavuriro 6 yamijaguweko ibisasu. Umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, nawe yabonye ivyabaye yemeje ko yiboneye imiduga itari mike, n’amazu menshi vyaturiwe.

Ugutana mu mitwe kw’impande zibiri zirwanira ubutegetsi bwa Libiya kwabereye mu ma karitiye atandukanye y’umurwa mukuru Tripoli. Intureka z’ino ncuro ni zo za mbere zikaze gusumba izindi zose zabaye mu myaka ibiri iheze. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, rivuga ko uno munsi ku wa Mungu i Tripoli ariko hazindutse hatekanye.

Abdelhamid Dbeibah, umukuru wa Reta y’i Tripoli yemewe n’amakungu, yabonetse muri videwo akikujwe n’ingabo ziwe ariko araziramutsa. Yagirije mukeba wiwe Fathi Bashagha ko we n’abamushigikiye, bariko bagerageza kwigarurira Tripoli ariko bikabata ku w’amazi. Ku rundi ruhande, abajejwe gutanga amakuru mu biro vya Bachagha babwiye umukuru wa Reta y’i Tripoli ko “atemewe n’amategeko naho abandanya kwiyomeka ku butegetsi.”