Burundi: Perezida Ndayishimiye Agiye Kwirukana Indongozi Zidakora Akazi Neza

Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yatangaje ko agiye kwirukana indongozi zose zikora ibinyuranye n’intumbero Uburundi bwihaye yo guteza imbere uburundi n’abenegihugu.

Perezida Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa Kane mu masengesho asanzwe atunganywa mu mpera za buri kwezi n’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD, yabereye I Bujumbura ku ngoro y’uwo mugambwe.

Umukuru w’igihugu akaba n’umukuru w’inama nkuru y’inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD yagabishije abari muri uwo mugambwe bakora nabi abandi bakarera amaboko kuko bazi ko atawubakorako mu gihugu ko bakwiye kubihagarika na cane cane ko benshi muri bo bamaze kumenyekana.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Thierryve Ndayishimiye yarabikurikiranye ategura ino nkuru:

Your browser doesn’t support HTML5

Perezida Ndayishimiye Yaburiye Indongozi Zidateza Imbere Uburundi