Umugambwe uri ku butegetsi muri Angola, MPLA, urahabwa amahirwe menshi yo gutsinda amatora mu gihe ubandanya kuba imbere y'umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta, UNITA. Yamara hari ivyagirizo ko amatora yibwe.
Umurwi w’igihugu ujejwe amatora watangaje ko mu gihe ibice 86 vy’amajwi amaze guharurwa, umugambwe MPLA uri imbere n’amajwi 52 kw’ijana mu gihe umugambwe UNITA ufise 42 kw’ijana.
Intsinzi y’umugambwe MPLA izokwongereza ikiringo cawo umaze ku butegetsi kigera hafi y’imyaka 50 kuva Angola ironse intahe y’ukwikukira mu mwaka w’i 1975.
Hamwe ivyavuye mu matora vyokwemezwa vyotuma Prezida Joao Lourenco ayobora Angola mu kindi kiringo c’imyaka itanu. Yamara umugambwe UNITA uyobowe na Adhaberto Costa Junior, yiyamirije ivya mbere vyavuye mu matora vyatangajwe n’umurwi w’igihugu ujejwe amatora mu masaha ya kare y’uno musi ku wa kane mu kuvuga ko atawovyizigira.
Urwaruka ku murwa mukuru, Luanda nturunezerejwe na gato n’ivyavuye mu matora vy’agateganyo. Umurwi w’igihugu ujejwe amatora umenyesha ko ababa ku murwa mukuru batoye UNITA ari benshi cane. Prezida Laurenco yari yemeye guhindura ibintu mu gihugu n’ugukwiragiza iterambere mu banyagihugu igihe yatsinda amatora mu mwaka w’i 2017.
Yamara naho hari ivyo yashitseko mu rugamba rwo kurwanya ruswa, nta kinini yakoze ku vyo yari yemeye vy’ukugabanya ubukene mu gihugu. Abanyamitahe berekanye umunezero wabo w’uko umugambwe uri ku butegetsi, MPLA uzobandanya kuyobora Angola.