Mali yagiriza Ubufaransa kuba bufasha imihari y’iterabwoba. Ibi biri mw’ikete umushikiranganji wa Mali w’imigenderanire n’ayandi makungu, Abdoulaye Diop, yandikiye ku musi wa mbere uwurongoye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano.
Iryo kete rivuga ko indege z’abanyamahanga, cane cane iz'Abafaransa zitubahirije ikirere ca Mali incuro zishika kuri 50, hamwe n’ibindi bitari bike bwakoze bwirengagije ko Mali ari igihugu cigenga.
ikete ry’uwo mushikiranganji rivuga ko reta ya Mali ifise ivyemeza bifadika vy’ivyo vyagiriji aho Ubufaransa busuma urusaku bugaha amakuru imihari y’iterabwoba ikorera mu karere ka Sahel. Ubufaransa bwagirizwa kuba indege zabwo zikorora ibirwanisho n’amasasu kuri abo bakora iterabwoba.
Ambasade y’Ubufaransa muri Mali yahakanye ivyo vyagiriji ibicishije mu butumwa kuri Twitter ku musi wa gatatu. Yavuze ko Ubufaransa bwagiye gufasha muri Mali hagati y’imyaka ya 2013 na 2022 kurwanya imihari y’iterabwoba bubisabwe n’abategetsi ba Mali kandi ko butigeze bufasha iterabwoba mu buryo ubu canke ubundi.