Raporo y'agatekanyo y'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati muri Aljeriya ivuga ko imiriro ibandanya mu mashamba yo mu buseruko bw'igihugu yahitanye abantu 26.
Benshi mu bahitanywe n’iyo miriro baba mu ntara ya El Tarf, hafi y’urubibe rwo mu buraruko hagati ya Aljeriya na Tuniziya, aho abantu 24 batowe bapfuye, harimwo munani muri bo bari muri bisi yahitanywe n’imbeya mu gihe yariko irengana muri iyo ntara irimwo imisozi ihanamye.
Umushikiranganji wa mbere wa Aljeriya, Kamel Beldjoud, yatangaje kandi kuri televiziyo ya reta ku musi wa gatatu ko abantu 2 bapfuye mu ntara ya Setif, hafi y’ibilometero 300 mu buseruko bw’umurwa mukuru, Algers.
Yamenyesheje ko ku musi wa gatatu wonyene, imiriro yadutse ahantu 39 yibonekeje mu ntara 34, harimwo ahantu hatandukanye 16 mu ntara ya El Tarf. Hegitari 3,200 y’amashamba yahahitanywe n’imbeya kuva imiriro yo mu mashamba yadutse kuva muri uku kwezi kw’umunani.
Mu butumwa, prezida wa Aljeriya, Abdelmadjid Tebboune, yarifatanije mu mubabaro n’abahitanywe n’uyo muriro. Yatangaje ko reta izokoresha uburyo bwose ifise kugira ihagarike iyo miriro, kandi ko imiryango y’ababuze ababo canke amazu yabo yahitanywe n’iyo miriro bazoronswa agashumbusho.
Imiriro ikomeye yo mu mashamba yadutse mu mwaka uheze muri Aljeriya yahitanye abantu 104, harimwo abasirikare 33.