Afrika y’Epfo Yitavye Inama ku Mutekano Mpuzamakungu mu Burusiya

Ku murwa mukuru w'Uburusiya Moscou

Umushikiranganji wa Afrika y’Epfo wo kwivuna abansi, Thaondi Mdise kuri uyu wa mbere yashitse i Moscou ku murwa mukuru w’Uburusiya, mu nama yatunganijwe n’Uburusiya yiga ku mutekano mpuzamakungu.

Ni urugendo rukozwe mu gihe Uburusiya bugihanganye na Ukraine ku rubuga rw’intambara. Ni mu gihe kandi abasirikare b’Uburusiya bariko barigarurira ihinguriro rya mbere rinini rya Nikreyeri ku mugabane wa Buraya.

Uyo mushikiranganji akoze urwo rugendo haheze imisi itari myinshi umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire, Antony Blinken, agendeye Afrika y’Epfo. Urugendo rwa Blinken rwari rutumbereye kugwiza ibihugu vya Afrika bishigikiye Amerika mu kugaya ibitero vy’Uburusiya muri Ukraine.

Afrika y’Epfo ntihengeshanya kuvuga ko ataho ihagaze kuri iyo ntambara, ariko abasesenguzi muvya poritike bavuga ko urugendo rw’umushikiranganji Modise muri iyo nama mpuzamakungu ari ikimenyetso c’uko Afrika y’Epfo iri ku ruhande rw’Uburusiya.

Umushikiranganji Modise yitezwe gushikiriza ijambo muri iyo nama y’umutekano kuri uyu wa kabiri.

@VOA