Abantu Batatu Bishwe n'Igiporisi mu Myiyerekano muri Somaliland

Somaliland

Muri Somaliland, abantu batatu bishwe abandi barenga 10 barakomereka kuri uyu musi wa kane, inyuma y’aho igiporisi kirasiye abanyagihugu bari mu myiyerekano yiyamiriza reta mu bisagara bigize iyo reta yiyonkoye kuri Somaliya.

Abayoboke b’imigambwe itavuga rumwe na reta hamwe n’ababibonye bavuze ko abanyagihugu amajana bihereje amabarabara ku murwa mukuru Hargeisa hamwe no mu bisagara vya Burao na Erigavo. Hari inyuma y’aho ibiganiro hagati ya reta n’abatavuga rumwe nayo bihagarariye kubera kutumvikana.

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ivuga ko abategetsi barondera gutevya amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuba mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Ingingo ya reta yo kwakira imigambwe mishasha niyo yatumye abatavuga rumwe na reta bafatwa n’ishavu, bagasigura ko ari uburyo bwo kugabanya inguvu zo guhangana na reta mu matora.

Ico gice ca Somaliya cahoze mu bukoloni bw’Abongereza catangaje ko cikukiye kuri Somaliya mu 1991 ariko nticemewe n’amakungu nk’igihugu cigenga.

Yamara naho biri uko Somaliland yagumye itekanye mu gihe Somaliya yo imaze imyaka mu ntambara hagati y’abenegihugu, ubwicanyi bushingiye kuri poritike, hamwe n’ibitero vy’urutavanako vy’abakora iterabwoba ba Al Shabab.