USA: Igisirikare Cemereye Ukraine Imfashanyo ya Gisirikare Iciye Umuriyaridi w'Amadolari

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Reta zunze ubumwe za Amerika bwatangaje kuri uyu wa mbere ko bwatanze iyindi mfashanyo nshasha y’ibikoresho vya gisirikare kuri Ukraine, ifise agaciro k’umuriyaridi umwe w’amadolari. Niyo mafaranga ya mbere menshi y’ibirwanisho Amerika itangiye ica rimwe kuva Uburusiya bwinjira muri Ukraine m’ukwezi kwa kabiri.

Iyi mfashanyo nshasha y’igisirikare ca Amerika iciye ishikana imiriyaridi 9.8 z’amadolari zimaze guhabwa Ukraine kuva Perezida Joe Biden ashika ku butegetsi mu mwaka uheze. Ashitse kandi ku miriyaridi 11.8 z’amadolari Amerika imaze guha Ukraine uhereye igihe Uburusiya bwigarurira intara ya Crimea mu 2014.

Amerika ivuga kandi ko Uburusiya bwatakaje vyinshi kuva butangura gutera Ukraine mu kwezi kwa kabiri. Igereranya ko Ukraine imaze gusambura ibiduga vy’intambara vy’Uburusiya biri hagati y’3.000 n’4.000 hamwe n’abasirikare b’Uburusiya bamaze gupfa bari hagati y’70.000 n’80.000.

@VOA