Cote d’Ivoire ivuga ko ibiganiro bitumbereye gutahukana abasirikare bayo 49 bafungiwe muri Mali vyatanguye ariko bishobora kuzofata igihe kitari gito.
Umuvugizi wa reta ya Cote d’Ivoire, Amadou Coulibaly, yavuze ko igihugu ciwe cashize imbere gukemura amatati ashingiye kuri abo basirijare biciye mu biganiro.
Cote d’Ivoire ivuga kandi ko abo basirikare bafungiwe ku kibuga c’indege i Bamako mu buryo buteye kubiri n’amategeko, inyuma yo kurungikwayo gufasha inteko za ONU ziri kubungabunga amahoro muri Mali, MINUSMA. Ivuga ko uruhara rwabo muri izo nteko rwari ruzwi neza n’abategetsi ba Mali.
Reta ya Mali irongowe n’abasirikare yo yavuze ko bafunzwe kuko binjiye n’indege idasanzwe ku butaka bwa Mali ata mpapuro zigaragaza igikorwa bari baje gukora, bica bituma bafatwa nk’abacangero.
Amakuru ava mu badipolomate avuga ko Mali iriko isaba Cote d’Ivoire kwemera ko yarungitse abasirikare bayo ku butaka bwa Mali hadasabwe uruhusha. Aya makuru kandi avuga ko Mali isaba Cote d’Ivoire kuyiha abanyemali batari bake bari muri ico gihugu baronderwa n’ubutegetsi bwa Mali. Ariko Cote d’Ivoire yaranse gukora ivyo iriko irasabwa na Mali.