Igisirikare ca Isirayeli Carashe Umukangara w’Umunyepalistina Arapfa

Ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu bw'ubutegetsi bw'Abanyapalestina bwatangaje ko Amjad Nshaat Abu Alia, umukangara w'Umunyapalestina w'imyaka 16, yishwe arashwe mu gutana mu mitwe n'igisirikare ca Israyeri kwabareye mu ntara ya Cisjordaniya, uno musi ku wa gatanu.

Amajad Nshaat abu Alia yapfuye ahitanywe n’ibikomere vyo mu gikiriza vy’insoro yarashwe mu guhangana n’igisirikare ca Israyeri kwabereye mu mihana y’ahitwa Al-Mughayer hafi y’igisagara ca Ramallah.

Umumenyeshamakuru afata amasanamu w’itorore,kanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP, yatangaje ko Abanyapalestina bari hagati y’amajana atatu n’amajana ane bari bakoranye kugira bagire imyiyerkano y’ukwiyamiriza imigambi ya Israyeri y’ukwigarurira ibindi bice vy’intara ya Cisjordaniya.

Ugutana mu mitwe kwatanguye igihe Abanyayisrayeri bagereye mu ntara ya Cisjordnaiya n’Abanyapalestina batangura guterana amabuye.

Igisirikare ca Israyeri camenyesheje ko categerejwe kwishura gikoresheje insoro z’ukuri inyuma y’uko Abanyapalestina amajana n’amajana batanguye umugumuko.

Bibaye inyuma y’uko Abanyapalestina 2 bishwe mu gitero inteko za Israyeri zakoze mu gisagara ca Nablus mu gitondo co ku musi w’Imana urangiye, mu vyo igisirikare ca Israyeri kivuga ko carasanye n’abantu bitwaje ibirwanisho.

Abanyapalestina batari musi ya 52 barishwe kuva mu mpera z’ukweziz kwa gatatu k’uyu mwaka. Muribo harimwo abikekwa ko ari abarwanyi, yamara barimwo n’abatari abarwanyi, harimwo umumenyeshamakuru wa televiziyo, AL-Jazeera, Shireen Abu Akley, yariko akwirikirana igitero Israyeri yariko ikora mu gisagara ca Jenin.