Blaise Compaore Yasavye Ikigongwe Umuryango wa Thomas Sankara

Blaise Compaore yahoze ari prezida wa Burkina Faso.

Blaise Compaore yahoze ari prezida wa Burkina Faso, yasavye imbabazi umuryango wa Thomas Sankara yagandaguwe mu 1987. Ubutumwa bwa Blaise Compaore ku muryango w’Umuhisi Thomas Sankara no ku banyagihugu ba Burkina Faso bugira buti: “ Ndasavye imbabazi abanyagihugu ba Burkina Faso ku mabi nakoze ndi ku butegetsi. Vy’umwihariko, nsavye ikigongwe umuryango wa mwene wacu akana n’umugenzi wanje Thomas Sankara. Ndemanga kandi ndicuza n’umutima wanje wose, imibabaro n’amakuba nateye abatandukanye ku myaka yose namaze ku butegetsi. Ndasavye ikigongwe imiryango y’abazize bimwe mu bikorwa vyanje.” Ubutumwa bwa Blaise Compaore bwasomwe n’umuvugizi wa Reta ya Burkina Faso, Lionel Bilgo.

Blaise Compaoré, w’imyaka 71, yafashe ubutegetsi bwa Burkina Faso mu 1987, inyuma ya kudeta yakorewe Thomas Sankara yaramustwa igihugu ico gihe. Mu kwezi kwa kane uno mwaka, Blaise Compaoré yakatiwe umunyororo w’ubuzima bwose mu rubanza rwabaye yanse kujamwo. Yagirijwe kuba yaragize uruhara mw’igandagurwa rya Nyakwigendera Thomas Sankara.

Ubutegetsi Blaise Compaoré yafashe mu 1987 yabuvanyweko n’imyiyerekano y’abanyagihugu mu 2014. Kuva ico gihe, aba muri Cote d’Ivoire. Mu kwezi kw’indwi uno mwaka ariko, Compaoré yarasimbiye gato muri Burkina Faso ku butumire bwa Liyetena Koloneli Paul-Henri Sandaogo Damiba, atwara Burkina Faso vy’imfatakibanza. Yari yamutumiye avuga ko yoza bagatangura inzira y’ukunywanisha abanyagihugu. Ico gihe, Blaise Compaore yashimiye abamutumiye, yongera ahamagarira abanyagihugu gufatana mu nda, kwihanganiranirana, no kubabarirana.

Abaharanira agateka ka zina muntu na bamwe mu banyepolitike banebaguye urugendo rwiwe, bumvikanisha ko kuba yaje muri Burkina Faso akidegemvya ata butungane bumuriye akara, bitanga ishusho "y’ukudahana, kutabwirijwe kwitiranywa n'ukunywana". (VOA Afrique)