Abategetsi b'Ubwongereza Bagabisha Reta Kutarungika Abimukira mu Rwanda

Abategetsi b'Ubwongereza baragabishije reta akatari gake ngo ntihirahire kubandanya umugambi wo kurungika mu Rwanda, abaje kuyisaba ubuhingiro.

Kurungika abimukira ba mbere vyari bitegekanijwe mu kwezi guheze vyarahagaritswe n’ingingo ya sentare y’Uburaya yerekeye ivy’agateka ka muntu.

Reta y’Ubwongereza yiyemeje kubandanya umugambi wayo wo kurungika abo bimukira mu Rwanda. Yamara uwo mugambi uriko urihwezwa na sentare nkuru y’ico gihugu.

Abanyamategeko baserukira abarondera ubuhungiro bava mu bihugu birimwo, Siriya, Sudani na Iraki bararungikiwe inzandiko ibihumbi n’ibihumbi zivuga ku buryo bunonosoye ibiganiro reta yagize kuri uwo mugambi.

Hashingiwe ku bimenyetso abo banyamategeko bagejeje kuri sentare, mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uheze w’i 2021, Ambasaderi w’Ubwongereza mu Rwanda yari yatangaje ko batohitamwo u Rwanda kugira abe ari co gihugu cokwakira abimukira ku mpamvu zitandukanye. Izo zarimwo ko ico gihugu cagirijwe ko gukoresha impunzi mu bikorwa vyaco vya gisirikare mu bihugu bihana imbibe.

Abanyamategeko kandi babwiye sentare ko urwandiko rw’uwo ambasaderi rusigura ko inyifato y’u Rwanda ku bijanye n’agateka ka muntu idashemeye, naho ico gihugu cateye igikumu ku masezerano atari make ajanye n’agateka ka muntu.

Hisunzwe amasezerano yashitsweko hagati ya Reta y’Ubwongereza n’u Rwanda mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka, Ubwongereza buzorungika mu Rwanda abimukira ibihumbi n’ibihumbi bashitse ku butaka bwayo mu buryo budaciye mu mategeko. U Rwanda ruri ku bilometero birenga 6.400 uvuye mu Bwongereza.