Ikigega mpuzamakungu FMI caratangaje ku musi wa mbere ko urwego nyobozi rwaco rwemeje ingurane y'umuliyaridi n'imiliyoni mirongo irindwi y'amadolari igenewe Tanzaniya: ingurane izogenda iratangwa mu kiringo c'amezi 40.
Imiliyoni 151 n'ibihumbi 700 muri ayo agiye gutangwa buno nyene. Mw’itangazo, ikigega mpuzamakungu, FMI, camenyesheje ko ayo mafranga azofasha gutunganya neza ubutunzi bw’igihugu.
Ico kigega kimenyesha ko bitegekanijwe ko iyo ngurane ifasha gutuma abakorera ku giti cabo bazana imitahe yabo muri Tanzaniya.
Ikigega mapuzamakungu kimenyesha ko Tanzaniya ihanganye n’ibibazo bikomeye bijanye n’iterambere ryaco, harimwo n’inkurikizi z’ikiza ca Covid-19 hamwe n’ingwano muri Ukraine, mu bishobora kugeramira intambwe ico gihugu cari kimaze kugerako mu vyerekeye ubutunzi.(Reuters)