Perezida Poutine mu Rugendo rwo Kwunga Ubucuti na Irani

Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin abonana n'umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei i Tehran

Perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine yagendeye Irani kuri uyu wa kabiri kubonana n’umutegetsi kizigenza Ayatollah Ali Khamenei. Ni urugendo rwa mbere uwo mutegetsi w’Uburusiya azoba akoze kuva Uburusiya butanguza intambara muri Ukraine.

Perezida Poutine yavuze ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi bitumbereye gushira hasi ubutunzi bw’igihugu ciwe mu kugifatira ibihano kandi ko ari ugutangaza intambara n’Uburusiya muvy’ubutunzi. Avuga kandi ko Uburusiya buteye umugongo ibihugu vyo mu burengero, buhindukiriye ku Bushinwa, Ubuhindi hamwe na Irani.

Inyuma y’imisi itatu perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden arangije urugendo muri Arabiya Sawudite, Perezida Poutine agiye muri Irani kubonana ku ncuro ya gatanu na Ali Khamenei, umutegetsi kizigenza agira kabiri wa Irani, yagiye ku butegetsi mu 1989.

Urugendo rwa Perezida Poutine muri Irani ruhuriranye n’urwa perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan muri ico gihugu nyene. Aba bategetsi babiri baraganirirayo ingene bosubira kureka ibirimwa vy’intete bikongera gusohoka biciye mw’ibahari yirabura.

Urugendo rwa Perezida Poutine muri Repubulika y’abayisilamu, ni ubutumwa ku bihugu vyo mu burengero ko Uburusiya buriko burondera kwubaka ubucuti na Irani, isanzwe idacana uwaka na Amerika.