Iperereza ryo muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo ryarafashe umumenyeshamakuru w’umunyamerika, Stavros Nicolas Niarchos, inyuma yo kwagirizwa kuba yarabonaye n’imirwi y’abarwanyi mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu.
Amashirahamwe yo muri sosiyete sivile nka RECN ryavuze kuri uyu w’Imana ko Niarchos n’uwundi mumenyeshamakuru w’umukongomani bafatiwe i Lubumbashi, ku musi wa gatatu aca atwarwa ku murwa mukuru Kinshasa.
Umutegetsi wo muri reta atashatse ko amazina yiwe amenyekana yaremeje ko umumenyeshamakuru Niarchos ari mu minwe y’iperereza rya Kongo, ANR, i Kinshasa.
Uwo mutegetsi yavuze ko umumenyeshamakuru w’imyaka 33, yandika mu bimenyeshamakuru vyo muri Amerika, The Nation na The New Yorker. Yagirizwa kuba yarabonanye n’imirwi yitwaje ibirwanisho irimwo Bakata Katanga.
Uwo mutegetsi avuga ko yakoze ingendo zitamenyeshejwe ku bategetsi, kandi ko reta ibwirizwa kugaba inyuma y’iyicwa ry’abahinga babiri ba ONU mu 2017.
@AFP