Ukraine: Igitero c'Uburusiya Cahitanye Abantu 23 mu Gisagara ca Vinnytsia

Abategetsi ba Ukraine bavuze ko misile z’Uburusiya zatewe mu gisagara ca Vinnytsia, hagati na hagati muri Ukraine kuri uyu wa kane, zihitana abantu 23 hamwe n’abarenga 100 bakomeretse.

Igiporisi muri Ukraine cavuze ko misile zitatu zatewe kw’igorofa irimwo ibiro muri ico gisagara kiri hafi ku birometero 270 mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru, Kiev.

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko mu bapfuye harimwo umwana. Uburusiya bwama bwahakanye ababwagiriza ko butera abasivile muri Ukraine.

Intambara zirabandanya mu buseruko bwa Ukraine, ariko umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi yavuze kuri uyu wa kane ko naho biruko abasirikare b’Uburusiya batafashe ibindi bice bishasha mu misi iheze.

Haruhande y’ivyo bitero, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yavuze ku musi wa gatatu ko habaye amasezerano hagati y’Uburusiya, Ukraine, Turukiya na ONU, yo kurekura amatoni y’ingano zazibiwe kuva Uburusiya butera Ukraine kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa kabiri.

AP, AFP, Reuters