Abategetsi ba Ukraine bavuga ko Uburusiya bwakoze ibitero vya missile mu gisagara ca Vinnytsia kiri hagati mu gihugu uno musi ku wa kane, bihitana abantu batari musi ya 20 vyongera bikomeretsa abandi bagera kuri 50.
Igipolisi mu gisagara ca Vinnystia kivuga ko misile 3 zasenye inyubakwa ya reta iri mu gice co hagati yaco. Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yatangaje ko mu bapfuye harimwo umwana. Zelensky avuga ko abasirikare b’Uburusiya bariko bica abasivile n’abana ba Ukraine, mu gukora ibitero vya misile mu bibanza birimwo abasivile. Amenyesha ko ari ibikorwa vy’iterabwiba Uburusiya burahakana ko bukora ibitero mu bibanza birimwo abasivile.
Muri ico gihe, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yatangaje ku musi wa gatatu ko Uburusiya, Ukraine, Turkiya n’ishirahamwe ONU vyumvikanye muri rusangi ku vyerekeye gushorera mu mahanga amatoni imiliyoni n’imiliyoni y’intete za Ukraine ziri mu bubiko kuva Uburusiya butanguye gukora ibitero muri ico gihugu kw’itariki 24 y’ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka.
Antonio Guterres yabwiye abamenyeshamakuru ko amasezerano yashitsweko ku musi wa gatatu ari intambwe ikomeye cane ku bijanye n’amasezerano adasiga inyuma ikibazo na kimwe. Amenyesha ko iyo yari inama ya mbere, ko yamara intambwe zagezweko zitanga icizere. Yizeye ko intambwe zikwirikira zizotuma bashika ku masezeranao nyakuri.